mercredi 10 octobre 2018

Inkomoko y'amazina y'amezi mu Kirundi

Nk'uko tubikesha patiri Ntahokaja Jean-Baptiste mugitabo ciwe "Imigenzo y'ikirundi" 

Abarundi bapfundika imigozi mu ntango z'umwaka bakagira amapfundo icumi n'abiri,ukwezi guheze bagaca ipfundo rimwe gushika amezi yose aheze.
Amezi y'ikirundi yari afise ico yerekana,igikorwa bakora muri ico gihe. Ukwezi batangurirako guharura ni kurya guheza ici,Gitugutu,harya imvura iguye bagatera ibigori hanyuma imvura n'izuba bigatugutirana.
Ukwa kabiri ni munyonyo,hanyonyora ingamba z'ibiharage. Ukwa gatatu ni  Kigarama. Muri ukwo kwezi inka zahimba ubwatsi zikagaramanga amapfizi akirirwa arivuga. Ukwa Kane ni Nzero. Haba hari inzara abantu bazerera baja gusuma. Muri ukwo kwezi babiba amahonda. Ukwa gatanu ni Nyamagoma,ibigori vyaba bigomoye. Ukwa gatandatu ni Ntwarante. Muri ukwo kwezi ibigori babitwara kw'ijanja,imyungu nayo bayitengatiye muminwe bibaza ingene babishikana muhira.
Ukwezi kw'indwi ni Ndamukiza. Iryo zina mukurisigura bagira ngo ni ukuvuga :"Murandamukiriza abari irya.",inzuzi zaruzura zigasesa. Ukw'umunani ni Rusama. Muri ukwo kwezi imvura irasama ku murambi umwe kuwo bihereranye izuba ryaka,ukaja ubona isumiye ku wundi murambi. Ukw'icenda ni Rwero bahinduye bakita Rwirabura. Hatutumba ibitutwe,abungere bagacana kumivumba. Carazira kurya umwaka w'uburo muri ukwo kwezi.
Ukw'icumi ni Mukakaro. Ivyatsi vyaba bikakaye vyumye,amahonda bagatema. Ukw'icumi na rimwe ni Myandangaro. Amahonda yaba  yandagaye ku mirara. Ukw'icumi na kabiri ni Nyakanga. Haragwa imvura y'igisangura bita intsindagirabigega.Ukwo kwezi bakwita kandi Karangazabisabo


Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire

Quand nous étions de petits marabouts du foot

  La coupe du monde débute à Doha. Les forfaits en cascade me font penser à nos anciens subterfuges de petits footballeurs de bibangano . ...